05/07/2025
🔴Umuvuduko wa intereneti woba ugiye kwiyongera muri ko ibiciro vyadugijwe?
Neza na neza isaha zitandatu z'ijoro kuwa 05.07.2025, niho abagura enterenete babona inyandiko z'uko bagura imitekero zahindutse.
Umutekero wari ukunzwe cane w'ibihumbi 13 wimukiye ku mafaranga ibihumbi 18. Uwo ukaba wavuye kuri GB zibiri n'igice (2.5GB) wimukira kuri GB zitanu (5GB).
Umutekero w'umusi wahora ku mafaranga 1100 wimukiye ku mafaranga 1500, uwo wahora ari GB imwe (1GB) ubu ukaba washizwe kuri GB zibiri (2GB).
Umutekero wa 200 MB wahora ugurirwa muri application , ubu ushobora kugurirwa kw'ikarata Sim uciye ku *150 #.
Mushobora kubandanya mwirabira izindi mpinduka muciye kuri *150 #, aho babereka imitekero ihari.
Tubibutse ko enterenete itanga n'imihora yo gutumatumanako amakuru nka Lumitel, Econet-Leo hamwe na Onamob yari isanzwe yidogegwa ko yikwega cane. Ni mu gihe ari abaguzi bake bashobora kumara GB imwe (1GB) ku musi yari isanzwe igurwa amafaranga y'amarundi 1100 kubera ukwikwega canke icikagurika ry'umuvuduko wa enterenete itangwa na Lumitel.
Mu manama atandukanye ahuza Umukuru w'igihugu n'urwaruka, rukaba rutigera rwibagira kumusaba ko yofasha mw'iyongerezwa ry'umuvuduko wa enterenete mu .
Ni iki witeze kw'iduzwa ry'ibiciro ku mitekero ya enterenete muri Lumitel ??? -Kayove