Dr Merlin Dusengumuremyi

Dr Merlin Dusengumuremyi Turi Ihanga ry'Imana nti twegamiye umuhari canke umugambwe twegamiye Ijambo ry'Imana kuko turi Ishengero rya Yesu Kristo Yesu Kristo- Ihanga ry'Imana.

🚨‼️💥Hariho abantu benshi baraba ntibabone, babona naho ntibatahure. Ni kubera yuko isi yinjiye mu bantu, ivy’Uhoraho Ima...
04/09/2026

🚨‼️💥Hariho abantu benshi baraba ntibabone, babona naho ntibatahure. Ni kubera yuko isi yinjiye mu bantu, ivy’Uhoraho Imana bavyita ubusazi. Dufatiye ku muvugishwa umwe aturuka i MAKAMBA yitwa BEBA Gedeon dufitiye ivyo yiyandikiye ubgiwe mu 1992; yagize ati:”Imana ivuzeko mu Burundi hazotera inzara n’ubukene bisongerwe n’ibiturire n’akarenganyo gushika naho Abarundi, abakorera leta n’abatagira akazi bose bazota bakomoka baja guca ingero mu mahanga.”
Yongeyeko ati: “Abazoba barahunze igihugu kubera ivyo vyago ntibazoroherwa iyo baroye. Mur’ivyo bihugu, bazokwankwa, bamwe bagweyo abandi bazirukanwa kugira basubire mu Burundi iwabo. Muzomenye yuko igihe co gush*tsa amasezerano ku gihugu c’Uburundi gish*tse.” Rero ivyo vyo kwirukana Abarundi bari mu bindi bihugu bidutere kwegera Uhoraho Imana mu kwihana, ukwezwa no gutunganira Imana n’abantu kuko ni ikimenyetso Kibanda.” Uwugomba kumenya n’ibindi vyinshi yavuze atwandikire💥🙏🇧🇮✍🏾
https://whatsapp.com/channel/0029VaxCbw5D38CWzmTL7s37

Follow IHANGA RY’IMANA NEWS's WhatsApp Channel. UKURI KUTAVUZWE N’IHANGA RY’IMANA NTIKUZOVUGWA: “Abantu banje bicwa no kutamenya ukuri” *HOSEYA 4:6* 🙏🏾. Join 6.2K followers for the latest updates.

TURWANE URUGAMBA N’ABATUKISHA IZINA RY’UHORAHO IMANA MU BURUNDIIshengero rya Yesu Kristo-IHANGA RY’IMANA, ni umugambi w’...
14/02/2026

TURWANE URUGAMBA N’ABATUKISHA IZINA RY’UHORAHO IMANA MU BURUNDI
Ishengero rya Yesu Kristo-IHANGA RY’IMANA, ni umugambi w’Imana ku gihugu c’Uburundi, mu karere no kw’isi. Ni ishengero ryahagurukijwe kurwanya icaha atari mu majambo n’amasengesho gusa mugabo mu mpwemu, mu mubiri no mu butungane. Ntituzihanganira abasuma, abambuzi, abarozi, abasambanyi n’inkozi z’ikibi zinyegeza mu madini n’amashengero yitirirwa izina ry’Uhorano Imana kugira ngo batukishe izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo.
Ubu Hariho abantu biyita aba bishop, aba Reverand n’ayandi mazina y’ivyubahiro bagize imigwi y’abasuma n’abambuzi bakoresheje uruyeri, binyegeza mu nani z’amashengero bakazirura ibizira vy’ivyaha bagatukisha izina ry’ Uhoraho Imana. Biyita abakizwa n’abarongozi mugabo ukabasanga banywa umuruturutu, fangasi, n’ibindi biboreza bituma bagakora ivy’ubuhumbu. Ntibatinya kwiba, kubesha, gukoresha impapuro za magendu no kurenganya abantu babatera ubgoba ngo bishikira hose. Abo ni inkozi z’ikibi mu zindi kandi zihanwa n’amategeko y’igihugu.
Uhoraho Imana yarahagurukije ba Mose, ba Aaroni, ba Yoshuwa, ba Kalebu, ba Deborah na ba Pawulo kugira ngo bahagararire ukuri kwose kw’Ijambo ry’Imana mu Burundi. Abo bavugana ubutumwa ivyaha bibitangira imbere basuka impwemu zihumanye ziri muribo mu mashengero basa n’abaja ikuzimu kurondera ubushobozi. Mu gisagara ca Bujumbura twaratanguye. Hari abo twasengeye, tubagisha inama, turabahanura baranka hanyuma tukabashengeza imbere y’amategeko kandi tuzobandanya no mu gihugu cose kuko tubifitiye uburenganzira duhabga n’Umwami wacu Yesu Kristo hamwe n’igihugu. Abana b’Imana ntimukemere gusahurwa, guterwa ubgoba no guhohoterwa n’intakebga mu mitima zikubagurwa n’impwemu zihumanye maze zigatukisha umurimo w’Imana. Abo bakozi b’Imana bahemutse, baraziruye ibizira, basambanira bakaroganira mu mashengero, bakavanga ivya satani n’ivy’Imana yacu ku mugaragaro. Abo bari mu batevya Amasezerano Imana yaraganiye igihugu cacu c’Uburundi. Uko Uhoraho yavuze yuko atazobihanganira, natwe ntituzobihanganira. Ni mwabona uwiyita umukozi w’Imana wo mw’ishengero canke idini iryariryo ryose, naho yoba uwiyitirira Umwami wacu Yesu Kristo agenda uko bitabereye, ukaba ubifitiye ivyemezo: Amafoto, amajwi n’ivyabona bitatu; twakure kugira ngo tumusengere twongere tumuhanure yanse tumushengeze kugira ngo bareke gutukisha izina ry’Uhoraho Imana y’Ihanga Ryera. Izina ry’Umwami Yesu Kristo ryamamare! Andikira IHANGA RY’IMANA kuri: [email protected] no kuri +257- 68151545 canke +1- 914 448-3650

🚨🔥💥🇧🇮🟢AMASENGESHO: Aho bukera kuw’Imana, turasozera ya ndwi y’amasengesho Nyen’icubahiro Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, E...
31/01/2026

🚨🔥💥🇧🇮🟢AMASENGESHO: Aho bukera kuw’Imana, turasozera ya ndwi y’amasengesho Nyen’icubahiro Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye yatangaza kuri wa munsi ugira gatatu w’igikorane. Yuko amadini n’amashengero afata indwi yo gusenga. Yari amasengesho yo gusaba Imana ngo yirukane ibisigo n’abadayimoni bononye igihugu cacu. Indwi yatanze irarangiye ariko amasengesho ntararangira kuko Abarundi nk’Ihanga ry’Imana tuguma dusenga kugira ngo Uhoraho Imana arandure ibiti vyose atateye mw’ishamvu ryiwe maze adush*tseko amasezerano meza yadusezeraniye. Dusenga twihanye ivyaha kandi twejejwe kugira ngo twumvirwe. Utahura iryo sengesho usige Amen 🙏🟢🇧🇮❤️✍🏾

🚨💥🔥🔴Freddy SABUSHIMIKE yitazira Bishopu agatera ubgoba abantu  ngo ni umu komosiyoneri w’Umukuru w’igihugu c’Uburundi Ev...
28/01/2026

🚨💥🔥🔴Freddy SABUSHIMIKE yitazira Bishopu agatera ubgoba abantu ngo ni umu komosiyoneri w’Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yafashwe n’igipolisi c’Uburundi ajanwa gusinyishwa urubanza Sentare Nkuru ya MUHA yamuciriye. ⚖️💥✍🏾

🔴Yigira intumwa y’abategetsi, akambara ikaruvati kandi akaguma yinjira mu bushikiranganji muvyo bujejwe harimwo amashengero n’amashirahamwe, atwaye impapuro z’amahendu agahindura amazina y’amashengero, amategeko ayagenga n’abarongozi bazwi ku ngurire nini.
🔴Hariho n’Abarundi bari hanze benshi yemereye kwemeresha amashiramwe akabacira nk’uwugura ubusho kandi ntibaronke vyangombga. Ikibabaje cane amanyanga yose akora ayitirira umukuru w’igihugu n’abategetsi bakuru.
🔴Sentare Nkuru ya Muha yaciriye Freddy SABUSHIMIKE gupfungwa umunyororo w’imyaka itanu n’ihadabu y’ibihumbi ijana ku vyaha vyo guhimba impapuro za magendu no kuzikoresha. Yaciye arahira ararengwa yuko atazotera igikumu, atera ubgoba n’abacamanza yuko bamuvugishije azohamagara umukuru w’igihugu abakure! Mugabo iminsi y’igisuma ni 40, igipolisi camushikanyeyo uyu munsi.
🔴Hariho abantu biyita abakozi b’Imana mu Burundi basiga iceyi abarongozi b’inzego z’igihugu bitwaje uburiganya, ibiturire n’amanyama. Bakwiriye kubibazwa bakabihanirwa nka Feddy SABUSHIMIKE kuko babiba imbuto mbi mu bantu.🇧🇮💥🫵🏾✍🏾

Follow the IHANGA RY’IMANA NEWS channel on WhatsApp: https://whatsapp.com/channel/0029VaxCbw5D38CWzmTL7s37

IHANGA RY’ABARUNDI N’ABIZERA MWESE MUGABE.Ishengero rya Yesu Kristo-IHANGA RY’IMANA mu Burundi no mu mahanga, riramenyes...
19/10/2025

IHANGA RY’ABARUNDI N’ABIZERA MWESE MUGABE.
Ishengero rya Yesu Kristo-IHANGA RY’IMANA mu Burundi no mu mahanga, riramenyesheje Abera bose yuko hariho abariko bararogwa bagatako bakibishwa urwenge n’abasuma n’abambuzi babicishije mu migirwa n’imigenzo:
1. Kubamijwa, kubanywesha no kubagurishako amazi bavuga yuko asengeye.
2. Kubasiga, kubanywesha no kubagurishako amavuta bavuga yuko asengeye.
3. Kubarisha, kubamija no kubagurishako umunyu bavuga yuko usengeye.
4. Kubatererako no kubagurishako umusenyi bavuga yuko usengeye.
5. Kubagurishako ama buji bita yuko ahezagiye.
6. Kubambika no kubagurishako amakanzu bita yuko ahezagiye.
7. Kubambika no kubagurishako ibikomo, imigifu n’impeta bita yuko bisengeye.
Babesha abantu yuko basengeye amazi canke amavuta bicika amaraso ya Yesu Kristo, bigahabga ubushobozi bg’amaraso yiwe yo gukinga uburozi, gukiza ingwara, kwuhagira imikoshi n’imivumo n’ibindi vyinshi.
Bavuga yuko basengeye umunyu, umusenyi, parfim, ama bougies, amakanzu, ibikomo, imigufu, inkoni, impeta n’ibindi bica bihabga ububasha budasanzwe bgo kubakingira, kubaha ivyo mwipfuza nk’ubutunzi, ubugeni, uruvyaro, n’ibindi vyose mwipfuza.
Ivyo birakwegeye abantu benshi mu buzimire no mukaga kuko uretse gusahurwa utwanyu, muca mugirwa abaja b’abadayimoni bakorera mur’ivyo bintu. Ni imigirwa y’igipfumu n’igipagani bazanye mw’ishengero ry’Imana kugira ngo bababohe.
Kizira kikaziririzwa kuzana ku bicaniro no mu masengero y’Abera ivyo bizira vy’ubuyobe. Ni ibikorwa biboha abizera bikabagira impfunya mu gakiza, ni urugi ruba rwugururiwe abadayimoni ngo binjire mu bugingo bganyu. Ababigendeyemwo, n’ababikora mu bihagarike mwihane, Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo arabaharira. Ni ibikorwa bititura ubushobozi buri mw’izina ryiwe.
Izina rya Yesu Kristo ni izina ry’ubushobozi ubgaryo, ni izina ridakeneye amazi, ridakeneye amavuta, ridakeneye, umusenyi, ridakeneye amakanzo, ridakeneye n’ama bougies canke ikindi cose kugira ngo ritabare. Soma [Abifilipi 2:9-11]
Ikigeretseko mur’abo basuma harimwo abiyitirira ishengero rya Yesu Kristo-IHANGA RY’IMANA bihaye amazina y’ivyubahiro nka Mukama, Musenyeri, Bishop, uwigitinyiro, Reverand n’ayandi. Bahinduye ingoro y’Imana akaguriro.
Mubonye abantu nk’abo bibisha urwenge kandi bagakora ibikogwa vy’igipagani mwihutire kubimenyesha uburongozi bukuru bg’IHANGA RY’IMANA kugira ngo abonona umurimo w’Imana bigishwe ukuri kwose. Mw’Ishengero rya Yesu Kristo-IHANGA RY’IMANA mu gihugu c’Uburundi no mu mahanga mu bindi bihugu vyose ni rimwe rudende ritagaburwamwo ibice canke imigwi nk’uko tubisanga mu [Abanyefeso 4:5]
1. Rifise Umwami n’Umukiza umwe gusa, Yesu Kristo.
2. Rifise Ukwizera kumwe kw’ijambo ry’Uhoraho Imana,
3. Rifise Umubatizo umwe mu mazi, mu maraso no mu muriro mw’izina rya Yesu Kristo.
Ibikorwa vyose bidahuye n’ubumwe n’uburongozi bg’Ihanga ry’Imana birarandurwa, abarozi, abasuma n’abambuzi bakirukanwa kumwe Kristo Yesu yabikoze i Yerusalemu mw’Ishengero [MATAYO 21:12-13].
Mwiyubare ntuhagire uwugwa mu mutego wa Satani, abadayimoni n’imigirwa y’abapagani ngo bongere basahirwe utwanyu. Yesu Kristo yatumye abizera gusengera abarwaye no gusenda abadayimoni, ababarira yuko mw’izina ryiwe ububasha babuherewe ubuntu bakwiriye kubutangira ubundi. [MATAYO 10:8].

Address

Mutanga

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Dr Merlin Dusengumuremyi posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share