09/09/2025
#๐๐๐ฟ๐๐ป๐ฑ๐ถ: ๐ถ๐ป๐ฑ๐๐ถ ๐๐ฎ๐ต๐ฎ๐ฟ๐ถ๐๐ฒ ๐ธ๐๐ผ๐ป๐๐ฎ ๐ธ๐ ๐ป๐ฐ๐๐ฟ๐ผ ๐ฎ๐ฌ๐ฎ๐ฑ
Ku civugo: Gushira imbere kwonsa neza ibibondo mu gushiraho uburyo burama bubishigikira.
Uburundi bwahimbaje indwi mpuzamakungu yahariwe kwonsa neza ibibondo kuri uyu wambere igenekerezo rya 8 Nyakanga 2025, umusi usanzwe uhimbazwa mu ndwi ya mbere y'ukwezi kwa Myandagaro, ariko Uburundi bukaba bwashimye kuwuhimbaza muri iyi ndwi.
Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikirangaji bw'amagara y'abantu, Dr Nijimbere Olivier, yamenyesheje ko igikorwa co kwonsa abana ari ntasubirizwa, kuko gifitiye akamaro abana bato n'abavyeyi hamwe n'igihugu, kuko amagara meza ku benegihugu ari umushinge w'iterambere.
Uwo Munyamabanga Ntayegayezwa amenyesha ko ivyigwa vyakozwe vyarerekanye ko amaberebere ari ingaburo yikwije, ngo n'amazi ntakenewe kuko amaberebere arimwo ingaburo zose umwana akeneye kuva akivuka gushika ku mezi atandatu, bigatuma umwana agira igikuriro ciza n'ubwenge bukwiye, akagwiza abasoda b'umubiri bakamukingira kugwaragurika.
๐๐ฌ๐ค๐จ๐๐๐ ๐๐ง๐ ๐๐ช๐ฉ๐ ๐๐ซ๐ฎ๐๐ฏ๐ ๐ซ๐ฎ๐ค ๐ ๐ฌ๐ค๐ฃ๐จ๐ ๐๐๐๐๐ค๐ฃ๐๐ค?
Turakeneye gushiraho no gushigikira imigambi yamaho:
- kwitaho abavyeyi bonsa mu nzego zose, kwongereza inguvu mu kwigisha imiryango ku bajejwe amagara y'abantu ku kamaro ko kwonsa neza ibibondo, gushigikira abavyeyi bonsa kuva bagitangura kwonsa gushika bacutse abana babo;
- gushiraho imigwi ishigikira kwonsa no gushiraho amasanamu yerekana neza ukwo kwonsa neza bigenda,
- imigabo n'imigambi ishigikira imiryango
๐๐ง๐ช๐๐๐ง๐ ๐ง๐ฌ๐ #๐๐๐ฉ๐ ๐ข๐ช ๐ ๐ฌ๐ค๐ฃ๐จ๐ ๐ฃ๐๐ฏ๐ ๐๐๐๐๐ค๐ฃ๐๐ค
Nijimbere avuga ko mu migambi ya kwonsa vyashizwe imbere, aho yashizeho akaruhuko ku bavyeyi k'imisi 49 imbere n'inyuma yo kwibaruka, amasaha 2 yo kwonsa ku bavyeyi bakora ubuzi butandukanye mu kiringo c'amezi atandatu, hamwe n'isaha imwe mu mezi atandatu akurikira, gukorana n'inzego zose.
๐๐๐๐๐ช๐๐ช ๐ ๐๐๐๐ฏ๐ ๐ ๐ช ๐ฃ๐ฉ๐๐ข๐๐ฌ๐ ๐๐ฎ๐๐๐?
Uwo Munyamabanga ntayegayezwa y