11/04/2024
Icese :
Amazina yanje ni joseph Mukunzi
Ndi muto nsindigito ,
ndi wa muhungu w'ingwanyi akiri muto
nd'umuvuzí w'inkuru nabonye
nabonye
nd'umuvuzi w'amajambo atari imigenzo
y'amjambo akora k'umitima y'abenshi
Nd'umuhungu ak***a imana n'abantu,
kuko nizera ko
"...iyó uk***a Imana iguha ubuntu.
ubuntu nabwo bukaguha abantu
hama abantu bakaguha ibintu.."
Ndi wa muhungu wa Nkuzinzimana
nunviriza Imana nayo ikangira inama
hama nkakora cane kuko nzi yuko Imana iri capable
yogufata nyarucari ikamugira honorable.
kenshi na kenshi abantu
turatakaza ubuntu,
tukibagira ikigaragaza umuntu kwar'ubuntu.
agaciro karaharanigwa ntikizana
abagutesha umwanya ukwiye kubima umwanya kuko umwanya usahuwe ntushobora kugaruka.
Bene data dukwiye guhanurwa tukunva
erega wankwa guhanurwa ukankwa no gutabagwa
nono ntimuzi ko nagasozi kintahanurwa kahiye abagabo babona.
igihe kirageze ngo ntitugurukane
nnibiguruka
ariko tungure kugarurira imitima yacu kuvyunguka.
Ndavuga nsinvura ,
kandi ikibwigwa nikibona.
navuze kandi sinivuguruza
harageze ko duhindura ingendo
tukazibukira amajambo y'uruhendo
yari jewe wa muhungu wanvuzi yamajambo atari imigenzo
umwe Rugira yasobetse amajambo nimigambi akora kumutima yabenshi.
pen
# umuvuzi wamajambo
Thank you for reading....