Karl M

Karl M Product

Living my best life ⚡️⭐️🙌😎
29/04/2024

Living my best life ⚡️⭐️🙌😎

Mu   bari mu ruhagarara kubera 'ibihere' vyabateye😱 Mu bisagara bitandukanye vyo mu gihugu c'ubufaransa havurwa umwuzo w...
07/10/2023

Mu bari mu ruhagarara kubera 'ibihere' vyabateye😱

Mu bisagara bitandukanye vyo mu gihugu c'ubufaransa havurwa umwuzo w'udukoko turyana bita 'ibihere' canke 'épunaise de lit' mu rurimi rw'igifaransa.

Muri iyi misi, amazu,amagariyamoshi, amashure, amazu ya sinema n'ahandi hantu henshi abantu bahurira ari benshi hariko havurwa ivyo bihere. Mbere bmawe mu bafaransa basigaye batinya kwicara canke kwinjira muri gariyamoshi.

Ibinyamakuru bikomeye vyo kw'isi nka , , bitangaza ko n'amashure amwe amwe amaze kwugara imisi mike kugira habanze hakorwe ibikorwa vyo gupompa ibibanza vyatewe n'ivyo bihere ndetse amakungu nayo akaba atewe ubwoba n'ivyo bihere vyateye mu gihe hasigaye amezi 9 ngo inkino mpuzamakungu Jeux Olympiques zitangure.

Mu gihe abatari bake bari bazi ko ibihere bizanwa n'isuku rike ,tukaba tuzi ko abazungu aribo bambere mu vy'isuku wakira gute kuba wumva aribo bariko baribwa n'ibihere? Andika muri comentaire utubwir

🔴 😍FABELOVE, Umuraperi wa mbere ashinze   yiwe !!!!==================Ni ibintu bitamenyerewe cane hano mu Burundi, aho u...
18/09/2023

🔴 😍FABELOVE, Umuraperi wa mbere ashinze yiwe !!!!
==================
Ni ibintu bitamenyerewe cane hano mu Burundi, aho umuririmvyi aba afise ivyuma vyiwe canke inzu y’ihinyanyariro rwiwe bwite, ishobora kumufasha mu myimenyerezo canke kwifatira amajwi uko abishaka, atawumuhutagiza.

Imbonekarimwe rero abaye uwo muraperi avuka mu Kanyosha yitwa Fabelove DA K.SHAN BOY, aherutse kwugurura Studio yiwe nshasha yise « Studio ».

Agira ati : « Ni umugambi nari mfise kuva kera nkitangura kuririmba. Ndashimira Imana ko yamfashije nkawushikako. Iyi Studio yantwaye uburyo bwinshi. Amahera yose natsindiye mu mahiganwa na make naronka mu biteramo, narayaziganya, ndayaziganiriza uyu mugambi. Nohanura abandi baririmvyi kwama bibuka kuziganya kugirango bashire mu ngiro bonyene ubwabo imigambi baba bafise. »

Akajambo kamwe kwa FABELOVE!!

🚥🚦Ivya Tomson the voice  numugore wiwe namayobera,  duheruka umugore wiwe avuga ko adashobora kwihanganira umubano wiwe ...
18/09/2023

🚥🚦Ivya Tomson the voice numugore wiwe namayobera, duheruka umugore wiwe avuga ko adashobora kwihanganira umubano wiwe nuwu musani Tomson none ubu naho Tomson avuye mugacerere avuga ati:

"Ndababwire ikintu ikibazo canje n’umugore wanje ndabona kira muntu ashaka kukimenya Okay
ntakibazo nina haga Neuz nzovuga icatumwe bigenda kuriya
Twavuye kure cane 🥺"

Ibi bintu vyabo birimwo ikibazo nuko mudashaka kwibaza.

🚨🚨 Kubera kudubuza Abana 12 bo muri Maternelle ( Lycée Scheppers Ntahangwa Maternelle ) irugawe ❌❌📜 Biri mu rwandiko ruh...
18/09/2023

🚨🚨 Kubera kudubuza Abana 12 bo muri Maternelle ( Lycée Scheppers Ntahangwa Maternelle ) irugawe ❌❌

📜 Biri mu rwandiko ruhejeje kurungikirwa umuyobozi w'iryo shure Lycée MG Scheppers Victor de

🤔⁉️ Muti impamvu ni iyihe? Reka tubibagire ku muriri...

👀 Ku wa 10 Myandagaro 2023, mu gihe umushikiranganji w'indero yari mu nama nshingamateka, yarabajijwe ikibazo c'abana b**a mu gice c'ibinyoni (maternelle) kuri Lycée Scheppers Ntahangwa bayobejwe, mu gihe bisanzwe bizwi ko abana bo muri maternelle batayoberwa.

📌 Ubushikiranganji bw'indero bwahavuye bugira itohoza maze busanga koko abanyeshure 12 bo kuri iryo shure barayobejwe. Mu rwete yarungikiye umuyobozi w'iryo shure, umushikiranganji François Havyarimana akaba yasavye ibintu bitatu umuyobozi w'iryo shure.

1️⃣ Gutumako mu maguru masha abigisha bagize umugwi utanga amanota wafashe ingingo yo kuyobeza abo banyeshure,

2️⃣ Gusubiramwo iyo ngingo yafashwe yo kubayobeza maze abo banyeshure bahabwe ama bulletins ariko ko bungurujwe

3️⃣ Kurungika icegeranyo c'uwo mugwi utanga amanota mu bushikiranganji bw'indero mu misi itarenze itatu.

Ku wa 14 Nyakanga, umuyobozi w'iryo shure Frère Désiré Nininahazwe yarishuye umushikiranganji urwete rumumenyesha ibi bikurikira :

📎 Ko adashobora guhamagaza umugwi utanga amanota kubera ko abigisha bari mu biruhuko,

📎 Ko abo bana b**a muri maternelle kubera "ubwenge bucumbagira cane" (faiblesses notoires) bagaragaje, bazoheza bakaronswa amahirwe yo kwimuka, ariko bagaca baja kubandaniriza ahandi atari kuri Scheppers Ntahangwa.

📎 Ingingo y'uko abo bana 12 batabandaniriza kuri iryo shure ikaba yafashwe kubera ihangiro ryo gukurikirana akanovera k'indero yafashwe n'iryo shure.

Inyuma y'urwo rwete rw'uwo muyobozi, benshi bashikirije ko rurimwo agasuzuguro ku mushikiranganji, uwo mushikiranganji akaba yaciye afata ingingo yo kwugara iryo shure ❌❌

🚨Amakarato 49 y'amavuta beshi bita   yafashwe ku muhingamo wo kuri uyu wa gatanu Aya mavuta yafatiwe mu kabezi , mumodok...
15/09/2023

🚨Amakarato 49 y'amavuta beshi bita yafashwe ku muhingamo wo kuri uyu wa gatanu

Aya mavuta yafatiwe mu kabezi , mumodoka 2 zo mubwoko bwa Probox , imvo akaba aruko ivyo bidandazwa vyari vyinjiye mu gihugu muburyo bwa magendu.

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n'umutekano, Martin Niteretse, yishikiye mu Kabezi ahafatiwe ivyo bidandazwa yemeza ko ayo mavuta yinjiye aciye ku mupaka wa gatumba kandi ko imodoka igira gatatu yarimwo ayandi mavuta ya magendu ikironderwa.

Umushikiranganji Martin Niteretse akemeza kandi ko nyene ayo mavuta yamaze gufatwa, akabagiye gucirwa urubanza rwikibiriraho na sentare nkuru ya Kabezi.🚨

🚨🚨 Isukari irongeye kuboneka  ku 3300Fbu ( 1kg )🥳👏🏽Ishirahamwe Sosumo rihejeje gushira ahabona ibiharuro vy'amatoni y'is...
07/09/2023

🚨🚨 Isukari irongeye kuboneka ku 3300Fbu ( 1kg )🥳👏🏽

Ishirahamwe Sosumo rihejeje gushira ahabona ibiharuro vy'amatoni y'isukari agenewe buri ntara mu kwezi kwa Nyakanga 2023

🔵 Intara izubwambere mukuzoronka isukari nyishi 👇:
Mairie : 1000 T
🔵 intara izoronka isukari nkeyi 👇 :
: 40T

#

Banse kuriha 'Mutuel' yo kwivurizako ngo barazi neza ko Yesu yayibarihiye😃Aho hakurya yacu mu gihugu c'urwanda, mu karer...
07/09/2023

Banse kuriha 'Mutuel' yo kwivurizako ngo barazi neza ko Yesu yayibarihiye😃

Aho hakurya yacu mu gihugu c'urwanda, mu karere ka , Ni mu ntara yo mu buseruko bw'urwanda havurwa abantu 18 basanzwe basengera mu ngo zabo bararahiye bararengwa ko batariha 'Mutuel' basigura ko idini ryabo ritabemerera na gato ko bariha iyo 'Mutuel' kuko Umwami Yesu basenga yayibishuriye nkuko basanzwe bizeye ko Ibintu vyose bashaka babihawe ku buntu na Yesu.

Ikindi bavuga ngo iryo dini ryabo ntiribemerera kuja kwivuza iyo barwaye Ahubwo bahita bivurisha ivyatsi bagakira ningoga batarinze kuja kwa muganga.

Isoko y'inkuru: ikinyamakuru IGIHE.

Mbega ukwemera nkuku mukuvugako iki?

📷: Illustration

🔴😋 Inyuma y’aho Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye agiraniye inama n’abarwizatunga badandaza isukari, isukari  igiy...
07/09/2023

🔴😋 Inyuma y’aho Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye agiraniye inama n’abarwizatunga badandaza isukari, isukari igiye kuboneka ku rugero rushimishije mu ntara zose zigize igihugu.

Ihinguriro SOSUMO rihingura isukari rihejeje gusohora urutonde rwerekana ukuntu amatoni 1500 y’isukari ihari agiye kugaburirwa intara zose z’Uburundi :

🔹BUJA-Mairie :
- Ntahangwa : 400 T
-MUKAZA: 350T
- MUHA: 250 T

🔹NGOZI: 148 T
🔹KAYANZA: 100 T
🔹MUYINGA : 80 T
🔹KIRUNDO : 68 T
🔹GITEGA : 294 T
🔹KARUSI: 60 T
🔹MURAMVYA: 80 T
🔹MWARO : 40 T
🔹CANKUZO : 50 T
🔹RUYIGI : 70 T
🔹RUMONGE : 70 T
🔹BUBANZA: 60 T
🔹BURURI : 50 T
🔹MAKAMBA : 90 T
🔹RUTANA: 80 T
🔹BUJA-Pronvince: 80 T
🔹CIBITOKE : 80 T

🚨🚨 BILIMAN BOY MUNYISHU 👏🏽 !Abaririmvyi Double-jay OnceAgain na Kirikou A Kili bahoze muri Label ya BantuBwoy Entertainm...
31/08/2023

🚨🚨 BILIMAN BOY MUNYISHU 👏🏽 !

Abaririmvyi Double-jay OnceAgain na Kirikou A Kili bahoze muri Label ya BantuBwoy Entertainment Aho bakuriye baranamenyekanira cane munyuma baja gukorana mukintu bise " Biliman Boy " mu mwaka wa 2021.
Aho batanguye gukora batarikumwe na Label yabareze ikabakuza ya Bantu Bwoy irongowe na Big Fizzo , Ariko bagumanye Umurundi n'urukundo rudasanzwe mubakunzi babo kubw'inyandiko nziza ziri mu ndirimbo zabo zikunzwe cane mubantu Aho bari mubaririmvyi bambere baronka Views nyinshi kuri YouTube.

Gushika uno Musi bakaba baronkeye hamwe Ubushimwe bwa " SILVER AWARD 🏆 " kubwo gukwiza ababakurikirana kuri YouTube barenga ibihumbi 100 .

👏🏽 Akajambo kamwe Kur'uno murwi ukunzwe cane !

31/08/2023

🚨🚨 Umushikiranganji w'indero François HAVYARIMANA , ahejeje kumenyesha amanota yafatiweko mu kibazo gitanga uburenganzira bwo kuja mu gice ca 2 c'amashure shingiro ( Post Fondamental )

Externat : 68/200 (34%),
Internat : 116/200 (58%)

Umwaka w'ishure wa 2023-2024 uzoca utangura igenekerezo rya 18/9/2023.

Address

Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Karl M posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share