Akimana Gyslaine

Directions

Akimana Gyslaine Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Akimana Gyslaine, Art, Bujumbura.

🟢Inyigisho ducishako:

✅ Inyigisho ziraba abigeme harimwo kubigisha n'ubutinyanka(règle)
✅Irondoka rijanye n'amagara meza
✅Impanuro za rusangi

👉 Fyonda aho handitse suivre kugira uzoze uriga buri munsi.

🔴ibintu wokwandika kurupapuro uzozurarabirako umuhungu azoba umugabo wawe.Urukundo nyarwo ntirugarukira gusa ku munezero...
21/09/2026

🔴ibintu wokwandika kurupapuro uzozurarabirako umuhungu azoba umugabo wawe.

Urukundo nyarwo ntirugarukira gusa ku munezero no kwumva umutima utera cane igihe uri kumwe n’umuntu ukunda.
Hazogera igihe muzoba mukeneye kuvugana ku bijanye n’amahera.
Ku muryango.
Ku bana.
Ku bijanye n’imibonano mpuzabitsina.
Ku kwizera Imana.
Ku kazi n’umwuga.
Ku mabanga n’inshingano.
Ku kibanza muzobamwo.
Ku migambi yanyu.
Ku kuntu muzotorera hamwe ibibazo n’imishwano.
No ku bijanye n’umubano w’ababiranye.
Kuko umusi umwe, urukundo n’umunezero vyo mu ntango bizohura n’ibintu nyakuri vy’ubuzima.
Kandi ico gihe, muzoba mukeneye ibiruta cane amarangamutima gusa.
Muzokenera kugira intumbero imwe, gukura mu bwenge no mu mutima, kwubahana, kuganira neza, hamwe n’ubushake bwa mwese bwo kwubaka ubuzima mufadikanije.
Ku mukirisu na ho, hari ikibazo gihambaye umuntu akwiye kwibaza:
«Mbega iyi migenderanire iramfasha kwegera Imana, canke irandutandukanya na yo?»
Urukundo nyarwo ntirusaba guhitamwo hagati y’umubano wawe n’ukwizera kwawe.
Rukwiye gushobora kubaho mu buzima aho Imana iguma ari yo iza imbere.
Kubona urukundo nyarwo rero, si ukubona gusa umuntu agukunda.
Ni ukwiga kumenya umuntu mwoshobora kwubakana ubuzima bwiza kandi butekanye, mu gihe nawe ubwawe uba uriko urakura ukiga gukunda mu buryo bubereye.

like , suivrez

🔴 Inkuru ya mbere kw'isi ibabaje🥺yakundanye n'umuhungu w'umupolisi akiva kw'ishure,yarakunda uwo mupolisi kuburyo ngo no...
21/09/2026

🔴 Inkuru ya mbere kw'isi ibabaje🥺

yakundanye n'umuhungu w'umupolisi akiva kw'ishure,yarakunda uwo mupolisi kuburyo ngo nomuhira yariyarabivuze kuko yanamwamiza kuri statut.

igihe kimwe uwo mupolisi yafashe ingingo yo kumuheba kuko uwomukobwa atubwira KO yarakenye cane kuko nihoyarakiva kw'ishure.

umukobwa yararize aratakamba ,yibutse ingene abantu Bose bamuzi kwariwe bakunda ,muhira bamuzi, arapfukama,ararira abura ikimuhoza kuko uwo mupolisi yari yamuhevye ngwamuhoye KO iwabo bari bakenye.

haciye imyaka 2 bavanye ,wamukobwa yaronse akazi muri OBR nyuma y'umwaka acakundana nuwo bakorana birangira amutwaye.

haheze umwaka babana , wamugabo wiwe baca bamwongeza grade baca bamuha n'abapolisi 2,murabo bapolisi harimwo umwe bigera gukundana🥺
kandi ngo niwe yaherekeza uwomugore kukazi.

basha ngwamurinyuma bariko bagenda yaramwihweza uko umugore atagase,yavyibushe,anyonga ngo akumva igicumita kumutima.

mumezi indwi uwomugabo yaciyarwara umutima ,acasaba guhindurirwa akahava ariko ngo ntamwaka yamaze yaciye ahitanwa n'umutima🥺🥺

muri make nawe wokwigira kuriyi nkuru nubwo ntovuga kuko hari abantu bagera kuri 4 udakwiye gufata nabi nubwo biriwese akwiye kwubahwa,ababo bararenze

-umwana
-umuntu yize
-pastor

jwakane ndamwibagiye
Harimpamvu Abo atarabo gusizugura, fyonda kuri like ndabibategurire mucigwa mpavanja nshirako

nawe vuga muri commentaires ico twokwigira kuri uyo muntu.

👉Hama nyimba wipfuza kumenya Impamvu ushize umuti wamaso mumaso
uwumvira mumuhogo ningarukambi zavyo , vidéo bayishize muri commentaires m

🔴Haca habiki iyo mugiye mugikorwa co kwubaka urugo madame akabanza kwiyoza?bachou ,abatarubaka sinshakako iri kosha namw...
21/09/2026

🔴Haca habiki iyo mugiye mugikorwa co kwubaka urugo madame akabanza kwiyoza?

bachou ,abatarubaka sinshakako iri kosha namwe muzorikora

iyi vidéo ibisobanura akantu kukandi iri muri commentaires,Hama uwutaraja muri groupe ya WhatsApp yinjire niho vyose bibera mukanya ndabaha link mucako

canke unyandikire kuri WhatsApp ndazi numéro yanje ntanumwe atayifise ariko ubanza kunyereka post washizeko like n'a partager kuko ntimunshigikira bamwe

Hello, Bachou Ba moi ,mumeze mute se, Abagore Muri hano Bimaze gushika Ex💔 waw akakwandikira mwicarany numugabo utabizig...
20/09/2026

Hello, Bachou Ba moi ,mumeze mute se, Abagore Muri hano Bimaze gushika Ex💔 waw akakwandikira mwicarany numugabo utabiziga , Aho hantu Muhora Muhigobotor gute??? Canke Abagabo mweho Bibashikiye mugafata abagor banyu Muca mukemura ico kibazo gute??

✍️Muze hano mutubwire Kuko Aba Ex Bacu Bafise ukuntu Basigaye batwiyumvamwo vya hatari kumitoma yakaga Kandi Bitugora Kwakira no kwitwaramwo, uyu numwe Mubadukurikirana ,mumugir Inama Kandi Nziza.

19/09/2026

Bachou ✍️ Vyanyavyo ub'Umukobwa iy'agiragende Biramugora 🤣? Canke Vyamugora kera??

✍️🌹🌹BAGORE, URIKO URABA UWO UGIYE KUBA. NTUREKE UMUNTU N'UMWE AKWEMEZE KO WAMAZE GUSHIKA KWIHEREZO. 👑Hari aho ushobora k...
19/09/2026

✍️🌹🌹BAGORE, URIKO URABA UWO UGIYE KUBA. NTUREKE UMUNTU N'UMWE AKWEMEZE KO WAMAZE GUSHIKA KWIHEREZO. 👑
Hari aho ushobora kwiyumvira ko ubuzima bwawe bwamaze kwandikwa, ko ata kindi ushobora guhindura.

Ko umubano w'abubatse wakuboshe amaboko.
Ko abana bawe batwaye ubuto bwawe bwose.
Ko umuryango w'umugabo wawe wazimije umuco wawe.
Ko inzozi zawe zapfuye.
Oya, si uko bimeze.
Uracari mu rugendo rwo kuba uwo uzoba.
Umugore uzoba inyuma y'imyaka 5 canke 10, ariko arubakwa uno musi. Yubakwa mu marira yawe, mu ntambara urimwo, mu bihe uvuga uti: «Sinshoboye kubandanya», no mu bihe wibwira uti: «Nzobishobora.»

Ntiwatevye✍️
Ntiwarangiye✍️
Uracari mu kwimenya no kwerekana uwo uri we.
Ibigeragezo waciyemwo ntivyaguhoneje. Bishobora kuba vyaragufashije gukura no kwitegura ibindi bihe vy'ubuzima.
Buri gusuzugurwa waciyemwo kwaguhaye icigwa co kwiyubaha.
Buri guhemukirwa wahuye na kwo kwagufashije gutahura abantu no kumenya uwo wokwizera.
Buri joro wumvise uri wenyene ryaguhaye akaryo ko kwiga kwikunda no kwiyakira.

Uri umugore akiriko ariyubaka.
Umugore atakibandanya guhora mu gihe akwiye kuvuga.
Umugore amenya gushiraho imbibe kandi akazikingira.
Umugore ahitamwo intambara akwiriye kurwana n'izo atakwiye guta umwanya arwana.
Umugore atakibaza uruhusha kugira ngo yerekane ubushobozi n'umuco afise.

Uri umwamikazi akiriko arubakwa. 👑
Kandi nk'uko umwamikazi wese abikwiye, agaciro kawe ntigakwiye guterwa n'ukuntu abandi bakuraba, ivyo bakuvugako canke ukwemerwa na bo.

Agaciro kawe kararengeye amajambo y'abandi.
Uracari mu rugendo rwo kuba uwo wipfuza kuba.
Rero, ntukigereranye igice ca mbere c'ubuzima bwawe n'igice ca 20 c'ubuzima bw'uwundi muntu.
Bandanya urugendo rwawe.
Inkuru y'ubuzima bwawe ntirarangira.
Hari vyinshi bigisigaye imbere yawe. ❤️

💬 ANDIKA « NDACARI MU KWUBAKWA » MURI Commentaire, NIBA WISHIMIRA UMUGORE URIKO URABA.
Week end Nziza kuri Mwebwe Sexe Feminin ndavug *Umugore*

18/09/2026

Bachou Ntawumbona ngwantemwo Iphone 18 ProMax🤣?
Camera Pixel iravuze🤣.
Murare Bien Mazeux❤️

18/09/2026

Umuruturutu 🤣🤣

Kandi Nkubu wosanga hariho abakobwa nabahungu bibaza ko Murugo :vyama Biryoshe Gusa? care ziguma ari care🤣? Nimba wibaza...
18/09/2026

Kandi Nkubu wosanga hariho abakobwa nabahungu bibaza ko Murugo :
vyama Biryoshe Gusa?
care ziguma ari care🤣?
Nimba wibaza ko Murugo arumunyenga gusa duhurir muri Comments umbwire uwabikwigishij👇👇👇

Ariko kandi bon appetit kubari kumeza🤝

18/09/2026

Igitondo ciza 🫶 Bachou Bagwanje🫶✅

Address

Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Akimana Gyslaine posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share

Category