Dugitse

Dugitse "When life shows you ten reasons to cry, show life that you have a hundred reasons to smile"

Wari u*i ko igihugu ca Costa Rica kitagira igisirikare?Igihugu ca Costa Rica nico cabaye icambere kwisi muguhanaguru bur...
08/09/2022

Wari u*i ko igihugu ca Costa Rica kitagira igisirikare?

Igihugu ca Costa Rica nico cabaye icambere kwisi muguhanaguru burundu igisirikare caco kuva mumwaka wa 1948 inyuma y'intambara ihuza abanyagihugu baco (guerre civile)

Kuva ico gihe ico gihugu gifatwa nk'ijuru ryo kw'isi kuko ubu*ima bumeze neza cane, kuva aho bafatiye uburyo bwari bwagenewe igisirikare bakabushira mubisata vy'amagara y'abantu, indero ndetse no kuduza imibereho y'abakibamwo bose. Ikinyamakuru cabafaransa France24 co kikakigereranya nubu Suisse bwo muri Amerika.

Costa Rica ni igihugu kiri hagati ya Nicaragua hamwe na Panama muri Amerika yo mubumanuko.

Umukuru w'igihugu w'ico gihe (1948) azwi kumazina ya José Figueres Ferrer bakaba bamutazira ''Don Pepe'' yaritoye asinya itegeko rifuta igisirikare cose aca afata mbere ikambi igisirikare cahora gikoreramwo ayigabira kaminuza y'igihugu nayo ihitamwo kuyigira ikigo c'iratiro ry'akahise c'igihugu cose.

Ikinyamakuru France Info kivuga ko mumyaka icumi gusa icizere co kuramba (espérance de vie) caduze bihagije maze impfu ziragabanuka kurugero rushimishije(taux de mortalité)

Muvy'indero harabaye ugutera imbere bikomeye kuburyo igihugu coba giharura igitigiri kiri hafi 100% c'abenegihugu bazi gusoma n'ukwandika.

Umwigisha wo kuri kaminuza y'i Costa Rica Daniel Matul ati:'' Burya ugufuta burundu igisirikare vyari bikenewe cane kuko mbere igisirikare cari ubwaco kitacumvikana, ivyo vyatumye haba umutekano muvy'inzego.''

Iki gihugu gifise abapolisi gusa nabo nyene bagera kubihumbi 13. Ni nigihugu giharurwa muvyambere vyubahiriza ibidukikije aho ico gihugu caronse agashimwe ka ONU bataziriye ''Champions de la Terre''

Inyuma ya Costa Rica harabonetse n'ibindi bihugu bikuraho ibisirikare.
Twobamenyesha ko Costa Rica ari igihugu gifise abantu bagera kumiliyoni zitanu.


Inkomoko: https://www.francetvinfo.fr/.../le-costa-rica-petit-etat...

Address

1ère Avenue, Quartier Gasekebuye I
Bujumbura
196219

Telephone

+25779637519

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Dugitse posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Establishment

Send a message to Dugitse:

Share