04/08/2026
š“ni gute abanya Maroce bisanga mubimukira nkukuš¤? (+60.000/jour)
Mwaramutse neza bagenziš
Maroc iri mu kibanza ca gatanu muri Afrika, ica 60 kwāisi mu bihugu biteye imbere mu ubutunzi. Kiri mu bihugu bishobora kwikorera ibintu hafi ya vyose: indege ibigwanisho, ibiduga, ibiribwa,...
Yamara, guhera ku wa gatandatu, Maroc yacitse ihero ryāumugani. Abimukira benshi cane baravuye muri ico gihugu binjira uri Espagne badafise uburenganzira. Inzego zo mutekano zararengewe.
š¤Ni gute twisanze aha hantu ?
Maroc co kimwe n'ibindi bihugu vyinshi kwāisi ni igihugu kigendera kuri politike ya nyamwigendako( capitalisme). Muri iyi politique, ibintu birubakwa,imiduga ikaba myinshi, ibisagara bigasa neza, mu bitabu hakaguma handikwa ko ubutunzi bwiyongereye ariko vy'ukuri ataho bihuriye nāukuri abantu babayemwo
Nāubwo Maroc ifise vyinshi umuntu yokwipfuza, igihugu kirimwo ubushomeri bwinshi. Abaheza amashure ntibaronka ubuzi. Abafise ubuzi bisanga imishahara baronka idashobora kubafasha guhangana nāikiguzi cāubuzima. Hariho itandukaniro rinini hagati yāubuzima bwo mu gisagara nāubwo mu guhugu hagati, mu bigwati biri kure yāibisagara. Ibi nāivyo vyatumye mu mwaka uheze, mu gihugu haba imyirekano
Ku rundi ruhande, uretse uyu mwaka abimukira bagiriye icarimwe. Uri muri Maroc urabona i buraya vyoroshe. Abanya Maroc benshi bamaze imyaka bagenda kuba i buraya cane cane muri Espagne. Abash*tseyo barakunda gutumako abo basize inyuma nk'uko bigirwa mu bindi bihugu. Espagne nk'uko twagumye tubivuga nta nzigo nyinshi ishira mu gufata no kwirukana abimukira, ibituma umwarabu wo muri Maroc asimbira mu bazungu bo muri Espagne vyoroshe
Nk'uko vyama bigenda ku bimukira benshi, hari abagenda bafise amakuru yāuko ubuzima bwiza kurusha iyo bari basanzwe baba. Mbere ico abahinga bahurizako ni uko abagenda kenshi baba atari bo bakenye ahubwo bagenda kuraba ahasumba ahandi
Muri make, Maroc ifise ubuzima bwiza, irafise ivyo yoratira abandi banyafrika ariko politike ya nyamwigendako irema ubusumbasumbane nāimishahara itabumba abakozi, imbuga hwaniro zemerera ubuzima bworoshe abantu nāivyo bituma abantu bimuka bakava mu gihugu bagiye i buraya
Mugire umusi mwizašŖš„°