01/15/2026
🔴 Umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, , yatangaje ku wa gatandatu ko ingabo za Amerika zafashe umukuru w’igihugu ca Venezuela, Nicolas Maduro, inyuma yo gutanguza igitero kinini cane ku gihugu co muri Amerika y’Epfo.
“Leta Zunze Ubumwe za Amerika zarashoboye neza gutera igitero kinini cane kuri no ku k'umukuru w'igihugu cayo, Perezida , we n’umugore wiwe bakaba barafashwe hanyuma bakurwa mu gihugu,” niko Perezida wa Amerika yanditse ku rubuga rwiwe Truth Social.
Ku rundi ruhande, Minisitiri wigisirikare ca Venezuela yagirije, mu majambo yafashwe mu mashusho yashizwe ku mbuga ngurukanabumenyi mu gitondo co ku wa gatandatu, ko igisirikare ca Amerika cagavye ibitero mu bibanza vy’abantu babamwo, anasezeranya ko igihugu kizoca gishira mu bikorwa inguvu zose za gisirikare gifise.