02/04/2026
A𝐦𝐞𝐳𝐢 𝟖 ararumanye 𝐮𝐦𝐮𝐡𝐚𝐧gu 𝐰𝐚 𝐂𝐚𝐧𝐣𝐨 𝐀𝐦𝐢𝐬𝐬𝐢 𝐚ri mu gasho.
Mu misi mike iri imbere y’ukwibuka imyaka 30 iheze Canjo Amissi yitavye Imana, uwufatwa nk’inararibonye m’umuziki w’Uburundi, amakuru arerekana ukuri kudahimbaye ku bijanye n’umuhungu wiwe , amaze amezi umunani afunzwe azira ivyaha bijanye n’ikoreshwa hamwe n’igurishwa ry’ibiyayuramutwe.
Nk’uko vyamenyeshejwe n’umumenyeshamakuru Christian Nsavye, dosiye ya Hassan Ntahe iri gutera ija imbere neza mu butungane, ivyo bikaba vyotuma ashobora kurekurwa vuba. Ni icizere ku buzima bw’uwo musore yaciye mu bihe bitoroshe, ariko avuga ko yahinduye cane mu gihe amaze mw’ibohero.
Ari mw’ibohero, Hassan avuga ko yatahuye agaciro k’umwidegemvyo, ubu akawubona nk’“itunga risumba ayandi yose”. Avuga kandi ko yakoresheje ico gihe yandika indirimbo zitandukanye zishingiye ku buzima bwa misi yose, mu kirundi, mu gifaransa no mu congereza. Ivyo vyiyumviro yipfuza kuzobishikiriza abakunzi b’umuziki amaze kurekurwa.
Muri ico gihe nyene, hari igikorwa co kumushigikira kiriko kirategurwa: abaririmvyi n’abamenyeshamakuru bariko baramugendera kugira bamwereke ko bamuri inyuma, ikimenyetso c’uko iragi rya se rikibumbatira abantu benshi.
Hassan Ntahe, niwe muhungu wenyene wa Canjo Amissi akiriho, avuga ko ashaka kureka amakosha yakoze mu buzima. Inyuma yo gufatwa afise ibiyayuramutwe, avuga ko yasubiye ku murongo mwiza kandi afise intumbero yo gukomeza iragi ry’umuziki yasigiwe na se.
Vyongeye, hariho ibirori bibiri biriko birategurwa mu kwibuka Canjo Amissi: kimwe mu ntara yavukiyemwo ya , aho anahambwe, n’ikindi i . Ni ibirori bitegekanijwe kuzoba vyuzuye amarangamutima, hagati yo kwibuka ico gihangange mu muziki no gutanga icizere c’ubuzima bushasha ku muragwa wiwe.