03/02/2026
🔥VALENTINE VIBES I BUBANZA:UMUPIRA N'UMUZIKI! ⚽🎶
Woba uri umukunzi wa Real Madrid canke FC Barcelona?Canke ukunda umuziki ushushe unakunzwe? Saint Valentin y’uyu mwaka i Bubanza uzoguha vyose!❤️
Twash*tse Vision Group ryabateguriye umusi udasanzwe ku wa 14 Ruhuhuma 2026.
Ni mu birori bizotanguzwa na EL CLASSICO Y’AKARUSHO aho guhera isaha indwi (13h) kuri Stade Bubanza,ibirori bizoba bitanguye maze habe urukino ruzohuza FC Barcelona(Commune Bubanza) vs Real Madrid(Commune Mpanda).Sivyo gusa kuko abaririmvyi bazoba bahari mu muziki mwiza kandi usukuye maze
inyuma y'urukino,guhera isaha imwe z’ijoro (19h),twongere duhure twishime muri gushika mu gitondo hamwe n'aba baririmvyi mukunda cane
aribo na bazobahe ivyishimo mpaka buce
DJ Clou niwe muvangavanzi w'umuziki azofasha mu kubagumiza mu musi mukuru w'urukundi nayo MC Bailando azodufasha mukuryosha ivyo birori aho azotwereka Valentin na Valentine.
N'abandi baririmvyi baratumiwe kuri uwo musi w'ivyishimo
Ni nde ugiye kuza ari kumwe na 'Valentin' canke 'Valentine' wiwe? Ntuze ucijwe n'ibi birori vy'amateka.
KWINJIRA:
-Kuri Stade: 2,000 FBU(Simple) na 5,000 FBU(VIP)
Muri Croix Rouge Bar: 2,000 FBU (Simple) hamwe na 10,000 FBU(VIP)
🇧🇮