02/06/2026
*Uyumwigeme numwe mubigeme bintwari kazi bafise ico nasigiye muri iyi cinéma yaha muburundi.* *Yaciye muri vyinshi bikomeye kandi bibabaje ariko akomeza guhangana kugira arabeko yoterintabwe kandi akongera agatezintabwe cinéma ya 257.*
*Mimi Mireille, asanzwe ava muntara ya Muramvya, nkuko nabandi nkaba Nkurunziza Sabbas basanzwe ariyo bamuka.* *Ari muba cinéaste bambere bafashe cinéma ya 257 bayambukana imipaka bayishikana mugihugu kibanyi ca 250, bituma irabwa no kwisi yose.* *Aho ndavuga film ziwe 2 INAMA hamwe na CIRAMUNDA nkuko uyumusi ziriko ziraca kumbonesha kuri yo murwanda ya ZACU TV nkuko isanzwe ica kuri canal + , iyo nayo ikaba isanzwe ikurikiranwa n'isi yose.* *Uyumusi rero munkundire tubwire Mimi ngo fercitation ufise cishi umaze muri cinéma ndundi. Wavyanka wavyemera , wabiha agaciro utabigaha Mimi Mireille arafise amaraso yo gukundwa kurusha uwundi muntu wese ari muriyi industrie ya cinéma y'uburundi*
*Numwe mubakinyi ba film haheze imyaka itari mike akunzwe ariko tutigeze twumva ngo yahinduye imyitwarire nkuko tubibona kubandi. Abana bacaruka nabipfuzz kwinjira muri cinéma ndundi nivyinshi bamwigirako hari nabasigaye bamwita RUKURUZI.* *Jewe icontazi sinziko Abo bandi bakinyi bafata akanya bakamwigirako mfatiye akarorero nkokuri CHANCELINE kwa Nsoro* *Ese nawe tumwitege kuzomara iki muri cinéma ndundi? Nihehe azogeza cinéma ndundi? Mbega azoyihagararira imyaka ingahe?*
*Reka Bose tubakeze babikora neza babandanirize Aho turipfuza kubona cinéma ndundi iri kurundi rwego. Turipfuza kubona aba cinéaste bacu batakibafata nkindaya, abasambanyi canke abasuma, turipfuza kubona aba cinéaste bacu bifitiye inzu zabo, ingendeshwa zabo, turipfuza kubona aba cinéaste bacu bifise badahiga location ngo bayibure kubera uburyo buke, canke ngo bakine film idahuye nuko bavyipfuza kubera uburyo buke*
*Turipfuza kubona aba promoter bama film nabo bari kurundi rwego, aba director, aba edither, aba cameraman, uwowese agira uruhari kugira cinéma ikorwe kuva kuntango kugera kwiherezo, turipfuza kumubona yateyintabwe ari kurundi rwego.*
*Wibuke gu following iyi page EIFC Studio no kugira partage nyinshi kugira dukomeze gushigikira cinéma ndundi*
* 🇧🇮*