Umweha tv

Umweha tv Ushobora gukora subscribe kuri YouTube dutangako inkuru zama videos ๐Ÿ‘‡๐Ÿ‘‡๐Ÿ‘‡
https://www.youtube.com/-wi5gc

๐ŸŽฏAbavyeyi bari babayeho umuzima bubi cane bari bantaho nikora bahitamwo guta umwana mukuru bari bafise ngo aje kwimenya ...
15/03/2026

๐ŸŽฏAbavyeyi bari babayeho umuzima bubi cane bari bantaho nikora bahitamwo guta umwana mukuru bari bafise ngo aje kwimenya abise abandi bana boroherwe kuko bari babona ubuzima butariko buraborohereza.

Uwo ni umushingahe numukenyezi wiwe bari bafise abana batanu abo bana bari bavyawe Ari inkwirikirane za hafi na hafi mukuru yarafise imyaka 11 niho abavyeyi bamwirukana bamubwira ko badashaka kumubona muhira ngo bituma abandi bana bataronka ivyo bafungura baramubwira bati ntidushaka kukubona hano kandi menya iyuja.

Uwo mwana vyasa nkaho abavyeyi bamutaye kuko yarakiri muto cane ntanubwo yashobora kumenya iyaja kuronderera Ariko kuko atakundi yamaze kwirukanwa umwana yahise yiha ibarabara ahobwije ageze niho yarara akazi kwiwe kwari gusegerereza no gutoragura ivyo bataye mumyamvu nivyo vyari bimutunze.

Umwomwana yabandanije kubaho ubuzima bugoye cane atakimuraba yararwara akaremba ntacamuraba

Bavuga ngo Aho umworo yanikiye ntibwuma
Hari umwigeme Yamaja guta imyavu Aho uwo musore yakunda kunobagura arondera ico afungura uwo mwigeme Aho kugira ikigorwe ahubwo yaramukubita akamubwira kwadashaka kumubona kandi musi yinzu iwabo anobagura ivyo anobagura ngo abariko ashaka uko aja kwiba mumihana
Eka Yama amubwira ati jewe ndanka cane Aba mayibobo nsishaka nokukubona ngaha mbere umusi umwe nzokuzanira imbwa ziwacu zikurye ariko umusore yarumuntu yitekaniye cane knd ivyo vyose ntaco vyari bimubwiye mbere kenshi hari naho yirarira ahonye mumwavu.

Umusi umwe wamwigeme agiye guta imyavu yashizemwo ibifungurwa ash*tse arabita wamusore Nawe abibonye yiruka kubinobagura ubwonyene wamwigeme Nawe yari yazananye telephone kugira amufate amasanamu yaguma atwenga Niko gushika muhira ya video ayikubita kuri Facebook yandikako ati ngubu ubuzima Aba mayibobo babayemwo ashirako naka emoji kogutwenga๐Ÿ˜‚

Iyo video yararabwe nabantu benshi cane kuri Facebook ama commentaire yari menshi abantu baratewe ikigorwe nuwomwana
Inyuma yumusi umwe wamukobwa yabonye abantu bamurondera bamubwira ko Ari abamenyesha Amakuru bamukeneye gukorana Amakuru Nawe kuko babonye hari video iri kurubuga rwiwe yakunzwe cane nabantu.

Vuba cane babamenyesha makuru baraje bamubwira ko ikiganiro kigomba kubera hamwe haboneka wamuhungu Ari kunobagura imyavu ngo niwe akenewe cane mukiganiro Cabo ubwonyene bajayo basanga wamusore nihari ariko yinobagurira utwo yirira nkuko vyari bisanzwe kuriwe.

Abamenyesha Amakuru babariye wamusore ko bamukeneye umukuru wigihugu Ariwe yabatumye bamujane kukirimba wamusore bari baje bamuzaniye impuzu nziza zokwambara bamujanye koga iwabo nawamwigeme bamujana no muri salon bamukorera isuku mumutwe baramujana.

Bamushikanye kukirimba umukuru wigihugu yamubajije ibibazo arigushaka kumenya ko yomenya uwo mwana iwabo ariko uwo musore yishuye ko yatanguye kuyerera mwibarabara akiri muto cane atakintu nakimwe comurangira muhira iwabo acibuka uwo mwana nubwo yari yahuye nibibazo vyinshi ariko yaraboneka kwari umwana wamahirwe menshi.

Umukuru wigihugu yahise yemera imbere yabamenyesha makuru ko uwomusore agiye kumwiyandikako nkumwana wiwe mbere abwira abana biwe Bose ati: guhera nomusi uwu abaye umuvukanyi wanyu mpaka nigihe nzoba ntakiriho azokwame afatwa nkabandi bana banje Bose ubwonyene atangariza igihugu cose ko umwana abaye umwana wumukuru wigihugu agiye gutangura ishure kwishure ryiza cane .

Ayomakuru yaravuzwe cane kumbuga ngurukana bumenyi Eka Kuma radio hose no Kuma television ntakindi cavurwa

Reka twizere ko ubwo butumwa abavyeyi buwo mwana bwite nabo babonye ko wamana birukana yahavuye Aba umwana wa president
Mbega nkubu wewe uri umuvyeyi wuwomwana wovyifatamwo gute?
Ntiwohava uja kurondera wamwana kugira umubwire Ati Emuhungu urazotwibuka twe nabarumunawe wibuke Aho wadusize??๐Ÿ˜‚๐Ÿ˜‚๐Ÿ˜‚

โœ๏ธNkubu ww uri uwo mwana yari yatawe hari akantu wokora kuri babavyeyi bambere baguta?
Ntakantu rero katubwire twumve

Ukaba uri mushasha kuri runo rubuga rwacu fyonda Ahanyene handitse Umweha tv hama ukoreko kuri j'aime canke suivre kuri page yacu kugira wame uri kumwe natwe munkuru nkizi twama dutanga kuri runo rubuga.

Turabigisha gukora video nkiziKora follow kuri ino page vuba turatangura kubaha video zivyerekana
14/03/2026

Turabigisha gukora video nkizi
Kora follow kuri ino page vuba turatangura kubaha video zivyerekana

14/03/2026
๐Ÿ˜‚๐Ÿ˜‚
14/03/2026

๐Ÿ˜‚๐Ÿ˜‚

Ngo wanka kuyigarura ikiri hafi yarenga imirambi ukabira nkayo mbega harya ninka canke nintama??
14/03/2026

Ngo wanka kuyigarura ikiri hafi yarenga imirambi ukabira nkayo mbega harya ninka canke nintama??

Ubu urashobora Kuba ufise photo imeze nkuku Ukayihinduramwo video Ntibigoye nawe uvyize wobimenyaKora follow kuri ino pa...
14/03/2026

Ubu urashobora Kuba ufise photo imeze nkuku
Ukayihinduramwo video
Ntibigoye nawe uvyize wobimenya
Kora follow kuri ino page
Duhave dutangura kubirabira hamwe uko bikorwa ariko nimba wihuta ushobora
Kuraba video zacu kuri YouTube link iri muri commentaire.

Muri kino gihe video nkizi ziruzuye kurubugaUrashaka kumenya kuko video nkizi zikorwaFollowinga ino page vuba ndatangura...
14/03/2026

Muri kino gihe video nkizi ziruzuye kurubuga
Urashaka kumenya kuko video nkizi zikorwa
Followinga ino page vuba ndatangura kuyashirako gusa nimba ubikeneye vyihuta ushobora kuziraba kuri YouTube raba link muri commentaire.

๐ŸŽฏUrukundo rurasambutse kubera pastoriUmwigene yakundana n'umusore urukundo rwabo rwari rumaze igihe kitari gito Eka mber...
12/03/2026

๐ŸŽฏUrukundo rurasambutse kubera pastori
Umwigene yakundana n'umusore urukundo rwabo rwari rumaze igihe kitari gito Eka mbere bari basezeranye ko bazokundana kugeza igihe
Bazobana nkumugore numugabo.

Umusore numukoba Bose bari abakizwa kandi basenga hamwe mbere umukobwa yari umuririmvyi Akomeye cane umusore nawe yari mubavuza umuziki kurusengero ariko urukundo rwabo bararunyegeza ntibari bwashime ko bovyerekana ngo kurusengero babimenye bobo bapanga ko ukubivuga kwabo bazobatungura umusi uri inzina ubukwe buri hafi.

Bamaze igihe kitari gito basengera urukundo rwabo bongera basaba Imana ngo ibahishurire
Ibereke ivyo amaso adashobora kubona
Nuko Umusi umwe bari murusengere
Umu pastori ariko avuga ubutumwa bwaryoshe abantu Bose bariko binjira mumavuta.
Nuko pastori Aba atunze urutoke wamwigeme wabandi aramubwira ati: ubunyene wewe mbonye ubaye umugore w'umusirikare akomeye cane wo kukwego rwigihugu mbonye uriko ubaho mubuzima bwiza cane ugenda Nawe ucungerewe.

Wamwigeme Nawe uko pastori yamuvugako ivyo vyose Nawe yiterera hejuru amaboko akagorora aduza mukirere ngo: Amen Amen ndavyakiriye**** mwizina rya yasu.

Umusore Ahohose Nawe yari yicaye muntebe yibaza ati: none urya ko twapanze vyose namaze kumucagura mbere Yama ambarira ko tuzopfana ngo nubwo isi nijuru vyokubama atazopfa ampemukiye ngo Imana yo mwijuru niyo cabona none ubunaho bigenze gute Kweri kwari kwiterera hejuru ngo Aman Amen nanje nkaba ntanavyiyumvamwo ivyobintu vyokuba umusirikare ๐Ÿค”๐Ÿค”๐Ÿค”

Harageze igihe barataha Niho umusore yicaza umwigeme aramubaza ati: ariko chr nikuberi wahisemwo kumpemukira?
Uwundi Nawe Ati: naguhemukiye ryari chr ko wewe twazananye mugatondo mpaka kurusengero ivyo kutigez ubimbaza none ubu bije gute?

Umusore yahise abwira umukobwa ati: reka kungira nkaho jewe ndi ikibura bwenge arasubira aramubwira nagashavu kenshi ati: guhera iyisaha nuyumunota
Wibagire nizina ryanje wibagire ko twigeze kumenyana. Ahonyene umusore Aba aragiye asiga umukobwa yicurikiriye ariko arira kandi umukobwa wewe yaguma arahira kwataco yakoze atazi nimpamvu ayomajambo yaje.

Musomyi tubwire:
โœ๏ธNivyo none umukobwa ntaco yakoze?
โœ๏ธHagati yunomusore numwigeme ninde yahemukiye uwundi?
โœ๏ธWewe uri uyumusore wari kuvyifatamwo gute?
Twandikire muri commentaire nimba Nawe uri mubipfuza ko inonkuru tuyibandanya.

Ukaba uri mushasha kuri runo rubuga rwacu fyonda Ahanyene handitse Umweha tv hama ukoreko kuri j'aime canke suivre kuri page yacu kugira wame uri kumwe natwe munkuru nkizi twama dutanga kuri runo rubuga.

Address

Bujumbura

Telephone

+25761144129

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Umweha tv posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share