22/06/2026
"UMWANA W’IMANA MW’ISI"
UMVA UKURI
Arikw abamwakiriye bose yabahaye ububasha bgo gucika abana b'Imana, ni bo bizeye izina ryiwe, ni bo batavyawe n'amaraso, canke n'ukwifuza kw'umubiri, canke n'ukwifuza kw'umugabo, ariko bavyawe n'Imana.
Yohana 1:12-13
>>uwakiriye yesu akamwizera niwe mwana w'Imana.
*Turabire hamwe iyi mirongo:
- Abafilipi 2:15 → _“ kugira ngo ntimugire umugayo cank' akarohe, mube abana b'Imana batagira agasembga, hagati y'ab' iki gihe bagoramye b'ibidambidambi, abo mubonekeramwo nk'amatara mw isi,
- Matayo 5:16 → _“ Abe ari k'umuco wanyu ubonesha imbere y'abantu, ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, bahimbaze So wo mw ijuru.
Twitwa ko dufise Data wo mw’ijuru iyo twakiriye Yesu, Imana iduhindura abana bayo. *Umwana w’Imana si ijambo gusa, ni ubuzima tubaho buri munsi.*
*Umwana w’Imana ameze gute?*
*1. Arakunda* Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur' abigishwa banje.
Yohana 13:35
*2. Avuga ukuri* Maze mwiyambuye ibinyoma, umuntu wese avugane ivy' ukuri na mugenzi we, kuko tur' ingingo za bagenzi bacu.
Abanyefeso 4:25
*3. Arababaarira*
mwihanganirana, muharirana, iy' umuntu agize ico apfa n'uwundi. Nk'uk' Umwami wacu yabahariye, namwe abe ari ko muharirana.
Ab'i Kolosayi 3:13
4. Arumvira Bana, mwumvire abavyeyi banyu mu Mwami wacu: kukw ivyo ari vyo bigororotse.
Abanyefeso 6:1
Kuba umwana w’Imana si kuja gusenga ku musi w'isabato gusa. Ni kugaragaza Yesu aho uri hose.
Imana iduhe kuba abana b'Imana mw'izina rya Yesu