11/04/2023
😉Ni washaka kuronka umuco ku bikuzazaniye, uregera abakurambere canke inzobere gutyo uzotahura vyinshi.
Mu ntumbero yo gutahura Igicaniro n'ivyahakorerwa twaregereye umwanditsi Rivardo Niyónīzígiye adusigurire vyinshi mu vyaranga uwo mwanya.
👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾
Bavuze "ku gicaniro", abarutse ubu dutahura bike. Kuko n'ivyo bicaniro uno musi biri hake. N'abahora babibona bagiye kuramutsa ba Inakuru, ubu naho vyaraheze.
1️⃣None tuvuze ku gicaniro, twokwumva iki ?
Igicaniro, ni ahantu bacana umuriro mwinshi kikaba icoto, bacaniye inka kugira zisusuruke zaba ziri ku nama canke mu kiraro cazo. Baracana igicaniro kandi iyo bagomvye guterama, batera ijiro ijambo. Aha ni ho bavuze ku gicaniro twokwumva kandi "ku ziko", canke "ku rubumbiro", bitumwe n'uko ivyahakorerwa ari bimwe.
2️⃣Muti navyo ni ibiki ?
Bavuze ku gicaniro vyari birengeye umucanwa bacana bakota gusa, ahubwo baranaterama. Bakaganira, abakuru n'abato basangira ikiyago. Waba ari umwanya mwiza wo guca imigani, batita, bongera basabikanya urukanywa iyo rwabonetse, ni ryo shure rya mbere umwana w'aho ha mbere yigirako; ishure ry'ubuzima.
Mu migani n'ibitito n'ayandi mayagwa yahavugirwa, niho baheza abato eka ndetse n'abakuze, bakahigira cane. Inyigisho ziri muri ivyo ni zo zaheza zigatuma indero isasagara mu bantu, tutibagiye n'umubano mwiza. Ni ho hava kwubahana, gukundana, gufashanya, kugenderanira, ... mbere umuntu yarahigira no kuvuga ashirutse amazinda. Cari ikibanza kirumara mu buzima bw'igihugu.
😒Uno musi, ivyo ntibikiboneka. Ikiyago carazimanganye. Ubona abantu bari kumwe ariko batayaga, umwe wese yibereye ku gaterefone kiwe📲.
🤔Mwibaza ko tuva he ?tukaja he ?