27/07/2026
Kwifata AMASANAMU🇧🇮 y'ibiterasoni, kuyatunga, kuyarungikiranira,kuyasangiza(Gupostinga) abantu bagukwirikirana n'ibindi bijanye nivyo birahanwa cane mu Burundi n'amategeko nk'uko biri mw'itegeko rijejwe amabi afatiye ku gitsina ryo muri 2022.
Akarorero kwifata amasanamu canke gusakaza bihanishwa umunyororo w'imyaka iri hagati 5 na 10 hamwe n'ihadabu riri hagati y'amafaranga imiriyoni 20 na 30 z'amarundi nk'uko biri mu ngingo ya 45 y'iryo tegeko
Ivyo vyashikirijwe Dr Lt-Col Pol Pierre NKURIKIYE, yamenyesheje ko abahinga bavuga ko hari ubwoko burenga 300 bwayo mabi. Ngo naho mu Burundi ata vyirwa biraboneka vyakozwe, amabi amwamwe ariho ndetse nayibonekeza ni amabi afatiye ku masanamu ayo nayo ari ubwoko bwinshi ariko ahanini ngo ni ay'abigeme n'abakenyezi bakunze kwifata aribo bavyishakiye canke babisabwe n'abakunzi babo.
Ati kwiyitirira umuntu mu gukoresha ifoto n'izina ryiwe ukabikoresha mu mayeri atandukanye, gutera ubwoba biciye ku mbuga ngarukanabumenyi, gukoresha umuntu mu mashusho y'ibiterasoni biciye muri "montage" canke hakoreshejwe ubwenge bukorano(AI)n'ibindi vyinshi cane.
MWIRINDE IVYO VYOSE BISHOBORA KUBA BIHANWA N'AMATEGEKO Y'IGIHUGU ndetse NAY'IMANA.
Ntiwibagire gukanda Follow kuri Ntv905754
Unabisangize abandi kugira biyubare