28/06/2026
ICAHA C'UBUSAMBANYI NTIKIGIRA INGARUKA ZISA KURI BOSE β NTUKAGIHE AGACIRO GATO.
Kimwe mu makosa akomeye abantu bakora ni ukwitegereza ubuzima bw'uwundi bakiyumvira ko ingaruka z'icaha zizobashikira nk'uko zashikiye uwo muntu.
Ni co gituma wumva umuntu avuga ati:
"Kubera iki kanaka akora ubusambanyi kandi asa n'uwumeze neza?"
"Kubera iki yakoze ico caha ariko abandanya kubaho neza?"
"Kubera iki atarapfa?"
Ikibazo ni uko uraba gusa ivyo amaso yawe abona, kandi ntushobora kumenya neza uburyo Satani akora canke igice c'ubuzima ico caha catanguye kwonona.
Satani ntategerezwa kukwica kugira ngo akuneshe.
Rimwe na rimwe aragureka ukabandanya kubaho, ariko akica ico cari gituma ugira agaciro.
Hari aho akureka ugahumeka, ariko akica intumbero y'ubuzima bwawe.
Hari aho akureka ukabaho imyaka myinshi, ariko akica ubushobozi bwawe bwo kugira ico uhindura ku bandi.
Hari aho akureka ufise amagara meza, ariko akonona uruvyaro rwawe.
Ni co gituma atari vyiza kwigereranya n'ubuzima bw'uwundi.
Kuko umuntu wese yaremwe mu buryo butandukanye.
Umuntu wese yahawe impano yiwe.
Umuntu wese yabikijwe ubutunzi canke umuhamagaro wiwe.
Kenshi Satani atera aho ubuzima bwawe bufise agaciro kanini kuruta ahandi.
Atera ico Imana yagushizemwo kugira ngo kigutere imbere.
Ni co gituma ingaruka z'icaha zitangana ku bantu bose.
Raba Samusoni.
Kuri Samusoni, ubusambanyi ntibwarangiriye ku kumutera isoni gusa.
Bwaramuviriyemwo guhuma.
Bwamwambuye inkomezi ziwe.
Mu nyuma bunagira uruhara mu rupfu rwiwe.
Ariko Dawidi:
Yakoze icaha c'ubusambanyi, ariko ntiyapfuye nka Samusoni.
Ingaruka zash*tse mu rugo rwiwe.
Zash*tse mu muryango wiwe.
Zash*tse ku bana biwe.
Zash*tse no ku bwami bwiwe.
Inkota ntiyasubiye kuva mu nzu yiwe.
Na Salomo na we:
Ingaruka zabaye izindi.
Ntiyishwe.
Ariko umutima wiwe warahindutse.
Ubwami bwiwe buracikacamwo ibice.
Uruvyaro rwiwe rutakaza igice kinini c'ivyo Imana yari yararuteguriye.
Urabona?
Icaha ni kimwe. Ariko aho ingaruka zishikira haratandukanye.
Muri 1 Abakorinto 5, tubona umusore yabana n'umugore wa se.
Ingaruka ntizabaye urupfu canke gutakaza ubwami.
Ahubwo yaraciwe mu bo bari bahurikiye mu kwizera.
Yatakaje ikibanza ciwe mu muryango w'abizera.
No muri iki gihe ni uko bimeze.
Hari abo ico caha:
β’ Kitica amagara yabo, ariko kikica icubahiro cabo.
β’ Kitica icubahiro cabo, ariko kikica ukwizerwa bagirirwa.
β’ Kitica ukwizerwa, ariko kikica ijambo ryabo mu bandi.
β’ Kitica ijambo ryabo, ariko kikica amahoro yo mu ngo zabo.
β’ Kitica amahoro yo mu ngo, ariko kikonona abana babo n'uruvyaro rwabo.
β’ Kitabuza kuba ibihangange canke ibyamamare, ariko bagapfa imburakimazi nka Samusoni.
Ni co gituma utokwihenda ubona ko uwundi ata ngaruka zirashikirwa.
Hari aho zash*tse, ariko si aho wewe uriko uraraba.
Kandi aho Satani ashaka gutera mu buzima bwawe hashobora kuba atari ho yateye uwundi.
Kuko umuntu wese afise urugamba rwiwe.
Umuntu wese afise umuhamagaro wiwe.
Umuntu wese afise intumbero yiwe.
Umuntu wese afise ico afise agaciro imbere y'Imana n'abantu.
Satani arondera ico gice c'agaciro kugira ngo acice.
Ni co gituma udakwiye gupima uburemere bw'icaha ukoresheje kubona ko ingaruka zitihuta kuboneka.
Iyo inzoka ikurumye uno musi, uburozi bushobora kutaboneka ubwo nyene.
Ariko ntibisigura ko uburozi butari mu mubiri.
Ni ko bimeze no ku busambanyi.
Ntupime ukuri kw'icaha ukurikije ivyo ubona uno musi.
Bipime ukurikije ico Imana yavuze.
Kuko ikibazo si:
"Hari ingaruka?"
Ahubwo ni:
"Izo ngaruka zizofata ikihe gice c'ubuzima bwanje?"
Kandi ukuri ni uko utabizi.
Ni co gituma Bibiliya itavuga iti:
"Nukinikize ubusambanyi."
Ahubwo ivuga iti:
"Muhunge ubusambanyi." β 1 Abakorinto 6:18
Si ukubuganirako.
Si ukubugerageza.
Si ukubwegera.
Buhunge.
Kuko utazi igice c'ubuzima bwawe kizokwikorako ikiguzi c'ubwo busambanyi.
Ukaba uri mushasha kuri runo rubuga
Kora hano handitse Umweha tv hama ukore suivre hari vyinshi tugiye kwigira hamwe bifise akamaro kubuzima bwumuntu.